#201
Ni muvyuke kurwana mwa Ntore z’Umwami
Ikirundi
Couplet 1
Ni muvyuke kurwana mwa Ntore z’Umwami, mutwar’ Ibirwanishwa vyos’ Iman’ itanga. Mu nzira yo kunesha turongorwa na Yesu: Kuko Yadutsindiye tunesha kubgiwe.
Couplet 2
Inzamba zirayaze, mwese mutabare, mugend’ akabushungwe, ntimub’ ibijora. Naho mwosugerezwa n’ingabo za Satani: Mureme mu mitima, nta nganji zifise.
Couplet 3
Muvyuke mutabare, mushikame cane, inkomezi z’ inyama si zo turwanisha: Muhagatir’ Inkota, ni yo Jambo ry’Imana, n’ibindi Birwanishwa vy’uburyo bga Mpwemu.
Couplet 4
Kand’Urugamba rwanyu ruzoshira vuba, ubu har’akaruru; Ejo ho n’impundu! Uneshej’ azohabga Igitsibo na Yesu, azicarana na We ku ntebe y’Ubgami.
Couplet 5
Mushirek’ubu nyene, murwane, muneshe, mwizer’ Izina ryera, rirabakomeza. Maz’ivyo birwanishwa mubih’ Umwami Yesu, muzobon’ amahoro y’Imana mw’Ijuru.