#192
Ivy’Iman’ Igomba ni vyo ni vyo vyiza
Ikirundi
Couplet 1
Ivy’Iman’ igomba ni vyo ni vyo vyiza; Kandi naho kenshi Nterwa n’amarushwa, Nizer’ urukundo Rw’ Umukiza wacu, Ndazi yukw agomba Kumpindura mwiza.
Refrain
Ivy’ Iman’ igomba ni vyo ni vyo vyiza, Nzoyizera cane Kw’ari y’iz’ ivyiza.
Couplet 2
Ivy’ Iman’ igomba Ni vyo ni vyo vyiza; Iger’ ibimbako, Nzoyizera cane. Imfash’ ukuboko Sinogir’ ubgoba, Ni y’impora hafi Mu bimbako vyose.
Refrain
Ivy’ Iman’ igomba Ni vyo ni vyo vyiza, Nzoyizera cane Kw’ari y’iz’ ivyiza.
Couplet 3
Ivy’ Iman’ igomba Nanje nzobikunda, Nzizigir’ Imana Kukw impumuriza: Nta kibi nya kibi Coza kumbabaza, Urukundo rwayo Runzigama cane.
Refrain
Ivy’ Iman’ igomba Ni vyo ni vyo vyiza, Nzoyizera cane Kw’ari y’iz’ ivyiza.