Indirimbo Zikundwa Open in the app

#184

Inzira y’Umusaraba niyo izonshikana mw’Ijuru gusa

Ikirundi

Couplet 1

Inzira y’Umusaraba niyo izonshikana mw’Ijuru gusa: Sinzobon’ ibirimba vy’Umuco ni nahusha ya Nzira ya Yesu.

Refrain

Nta yindi Nzir’ iriho na mba, atar’iyo y’Umukiza, Inzir’ inshikana kwa Data n’iy’Umusaraba.

Couplet 2

Ni nagomba kuj’Ahera cane no kubonana n’Imana yanje, nkwiye kujan’ inzir’ Umukiza Yesu Yaciyemwo y’Amaraso.

Refrain

Nta yindi Nzir’ iriho na mba, atar’iyo y’Umukiza, Inzir’ inshikana kwa Data n’iy’Umusaraba.

Couplet 3

Nasezey’ inzira zose z’isi, sinzosubira guca muri zo, Dat’ Arampamagar’ ati ngwino, nkujan’ aho naguteguriye.

Refrain

Nta yindi Nzir’ iriho na mba, atar’iyo y’Umukiza, Inzir’ inshikana kwa Data n’iy’Umusaraba.