#169
Mana, ba Sogokuruza Warabatabara
Ikirundi
Couplet 1
Mana, ba Sogokuruza Warabatabara. Na twebge ni Wewe gusa twizigiye cane.
Couplet 2
Mu gihuhuta ni Wewe Uzigam’ abawe, Kand’ abaguhungiyeko baronk’ Amahoro.
Couplet 3
Abakwizigira kera Wamy’ Ubazigama, natwe nta wundi tugomba wo kudutabara.
Couplet 4
Imisoz’ itararemwa, Is’itarabumbga, ur’uko Wamy’ uhereye kera hose Mana.
Couplet 5
Imyak’igihumbi Mana, Kuri Wew’ imeze nk’umus’ umwe, canke mbere nk’igicugu kimwe.
Couplet 6
Imyak’itwar’ ivy’iyi si nk’uruzi rutemba, bikibagirwa n’ingoga, nk’inzozi z’umuntu.
Couplet 7
Man’Udahinduka, nk’uko Wadufasha kera, b’arik’ Udukiz’ ubu, no mu bihe bizoza.