Indirimbo Zikundwa Open in the app

#169

Mana, ba Sogokuruza Warabatabara

Ikirundi

Couplet 1

Mana, ba Sogokuruza Warabatabara. Na twebge ni Wewe gusa twizigiye cane.

Couplet 2

Mu gihuhuta ni Wewe Uzigam’ abawe, Kand’ abaguhungiyeko baronk’ Amahoro.

Couplet 3

Abakwizigira kera Wamy’ Ubazigama, natwe nta wundi tugomba wo kudutabara.

Couplet 4

Imisoz’ itararemwa, Is’itarabumbga, ur’uko Wamy’ uhereye kera hose Mana.

Couplet 5

Imyak’igihumbi Mana, Kuri Wew’ imeze nk’umus’ umwe, canke mbere nk’igicugu kimwe.

Couplet 6

Imyak’itwar’ ivy’iyi si nk’uruzi rutemba, bikibagirwa n’ingoga, nk’inzozi z’umuntu.

Couplet 7

Man’Udahinduka, nk’uko Wadufasha kera, b’arik’ Udukiz’ ubu, no mu bihe bizoza.