#155
Ndatangara nshits’ imbere y’Umunyanazareti
Ikirundi
Couplet 1
Ndatangara nshits’ imbere y’Umunyanazareti, nibaza ntangaye cane icamunkundishije.
Refrain
N’igitangaza, n’igitangaza, niyo ndirimbo yanje; N’igitangaza, n’igitangaza yuko Yesu Yankunz’ atyo.
Couplet 2
Ni kubganje Yasenz’ ati ntibibe nk’ uko ngomba; Ivyiwe si vyo vyamwishe, n’ivyaha vyanje gusa.
Refrain
N’igitangaza, n’igitangaza, niyo ndirimbo yanje; N’igitangaza, n’igitangaza yuko Yesu Yankunz’ atyo.
Couplet 3
Nibuk’ ingene Yabize urwuya nk’ amaraso; Ivyo vyabaye kubganje rya jor’i Getsemane.
Refrain
N’igitangaza, n’igitangaza, niyo ndirimbo yanje; N’igitangaza, n’igitangaza yuko Yesu Yankunz’ atyo.
Couplet 4
Yikorey’ ivyanje vyaha Abihindur’ ivyiwe; Naho w’ata co Yakoze: Vyose Yarabizize.
Refrain
N’igitangaza, n’igitangaza, niyo ndirimbo yanje; N’igitangaza, n’igitangaza yuko Yesu Yankunz’ atyo.
Couplet 5
Yangiriye mu gishingo ngo nze nkir’ urwo rupfu, ni naja mw’ Ijuru naho nzatur’ uko Yankunze.