Indirimbo Zikundwa Open in the app

#152

Nta wundi mwam’ ameze nka Yesu

Ikirundi

Couplet 1

Nta wundi mwam’ ameze nka Yesu, oyaye, nta na mba! Nta wundi wo kudukiz’ Urupfu, Oyaye, nta na mba!

Refrain

Yes’Araz’amarira yawe, bo n’ibikunezereza, ni We natoye ngw’ Anjane hose, nta wundi, oyaye.

Couplet 2

Nta wundi yer’ameze nka Yesu, oyaye, nta na mba! Nta w’agahore, nta mugwaneza, oyaye, nta na mba!

Refrain

Yes’Araz’amarira yawe, bo n’ibikunezereza, ni We natoye ngw’ Anjane hose, nta wundi, oyaye.

Couplet 3

Har’umus’atatunezereza? Oyaye, nta na mba! Hari n’ijor’ atatuzigama? Oyaye nta na mba!

Refrain

Yes’Araz’amarira yawe, bo n’ibikunezereza, ni We natoye ngw’ Anjane hose, nta wundi, oyaye.

Couplet 4

Har’uwiw’arekera mu vyago? Oyaye, nta na mba! Hari n’umunyavyaha yohinda? Oyaye, nta na mba!

Refrain

Yes’Araz’amarira yawe, bo n’ibikunezereza, ni We natoye ngw’ Anjane hose, nta wundi, oyaye.

Couplet 5

Har’ingabir’ingana na Yesu? Oyaye, nta na mba! Mbega mw’Ijuru h’azohatwima? Oyaye, na gato!

Refrain

Yes’Araz’amarira yawe, bo n’ibikunezereza, ni We natoye ngw’ Anjane hose, nta wundi, oyaye.

Couplet 6

Tumushime, tumuririmbire, Ego me, n’Ashimwe! Ni Yaz’az’ Asange tumwiteze, Araza, Nyakuza!