#147
Uburyo Yes’Ankunda burantangaza rwose
Ikirundi
Couplet 1
Uburyo Yes’Ankunda burantangaza rwose, Ubuntu Yangiriye nibgo bubimenyesha. Ndons’ Amahor’ ashitse, n’umunezero mwinshi: Nd’uwa Yesu, ndabizi, na We nyene n’Uwanje.
Couplet 2
Abadafise Yesu harih’ ico batazi: Ntibabon’ Urukundo, Uhorah’ Adukunda; Ivyo Yaremye vyose vyama birutwereka: Nd’uwa Yesu, ndabizi, na We nyene n’Uwanje.
Couplet 3
Ker’ivyanter’ubgoba noneho ntibinkoma, niseguy’ Ukuboko k’Umukiz’ Ankikiye. Nta handi mbon’ impore, ni We Muvyey’ Ankunda: Nd’uwa Yesu, ndabizi, na We nyene n’Uwanje.
Couplet 4
No kugeza ku rupfu nta codutandukanya, kubg’ Urukundo rwiwe nuzuyemw’ Amahoro. Nah’isi yokurwaho, n’izuba n’inyenyeri nd’uwa Yesu, ndabizi, na We nyene n’Uwanje.