Indirimbo Zikundwa Open in the app

#138

Emer’ico nshikanye Mukunzi w’Imana

Ikirundi

Couplet 1

Yesu, Mukiza wanje, nguhany’ akaneza uyu mubiri wanje Ng’ub’ uwawe wose.

Refrain

Emer’ico nshikanye Mukunzi w’Imana, Utume Mpwemu Yera Aze kuri jewe.

Couplet 2

Sintinya no kuguha ubugingo bganje, Kubg’ imbabazi zawe, Mucunguzi wanje.

Refrain

Emer’ico nshikanye Mukunzi w’Imana, Utume Mpwemu Yera Aze kuri jewe.

Couplet 3

Kand’ umuriro musha Wake muri jewe, Ummare mu mutima Ibitar’ ivyawe.

Refrain

Emer’ico nshikanye Mukunzi w’Imana, Utume Mpwemu Yera Aze kuri jewe.

Couplet 4

Yesu Mwam’ uze vuba Ube Databuja, Mb’ uwaw’ imisi yose, Kuk’ uzam’ unkunda.

Refrain

Emer’ico nshikanye Mukunzi w’Imana, Utume Mpwemu Yera Aze kuri jewe.