#131
Yesu, ndagomba guhabuka
Ikirundi
Couplet 1
Yesu, ndagomba guhabuka nta handi nasanz’ ikinezero, narahevy’ inzira y’ivyaha ngomba guhabuka.
Refrain
Yesu ndagomba guhabuka Singipfa nsubiye kwangara, Mwami Yesu ngirir’ ikigongwe, Ngira mpabuke.
Couplet 2
N’ igihe kirekire cane Nabaye mu nzira ya Satani, Noneho ndayihevye rwose, Ngomba guhabuka.
Refrain
Yesu ndagomba guhabuka Singipfa nsubiye kwangara, Mwami Yesu ngirir’ ikigongwe, Ngira mpabuke.
Couplet 3
Yesu n’umtash’ unkize rwose Vya vyaha vyamye bindemereye, Ubu nshak’ agakiza kawe, Ngomba guhabuka.
Refrain
Yesu ndagomba guhabuka Singipfa nsubiye kwangara, Mwami Yesu ngirir’ ikigongwe, Ngira mpabuke.
Couplet 4
Narapfapfanye nta co mmaze, Yesu nyoza mu maraso yawe. Wadupfiriye twebge twese, Ngomba guhabuka.