#124
Ubu n’Amahoro mu mutima wanje, kuko Yesu Yankijije
Ikirundi
Couplet 1
Ubu n’Amahoro mu mutima wanje, kuko Yesu Yankijije, kandi har’ ikintu Yanyigishije, n’uko ntakwiye kwiganyira.
Refrain
N’ impore, n’impore, N’impore mu mutima wanje.
Couplet 2
Satan’ iy’anteye, akandas’ imyampi, numva mfis’ ikindemesha, ko Yesu Yabonye ko ntokwivuna, Aranyigur’ arancungura.
Refrain
N’ impore, n’impore, N’impore mu mutima wanje.
Couplet 3
Ivyaha vyanje vyarabambge ku giti, (Si bimwe gusa, ni vyose!) Sinkibitwaye, Yarabinduhuye, Iman’ Ishimwe, Haleluya!
Refrain
N’ impore, n’impore, N’impore mu mutima wanje.
Couplet 4
Noneho kubganje kubaho ni Kristo kandi singitinya gupfa, urupfu na rwo ruzomber’ inyungu, Yesu Yanyujuj’ Amahoro.
Refrain
N’ impore, n’impore, N’impore mu mutima wanje.
Couplet 5
Mw’ishikiro ryacu ni mw’ Ijur’i Bgami, s’epf’i kuzimu, bagenzi! Twitege kwumv’ Inzamba z’Umukiza: Uzogaruka ryari Yesu?
Refrain
N’ impore, n’impore, N’impore mu mutima wanje.