#122
Uyu musi narons’ Indirimbo nziza
Ikirundi
Couplet 1
Uyu musi narons’ Indirimbo nziza, yuzuye mu mutima wanje, ndanezerwa cane ndatazir’ Imana, kukw’ ariy’ impay’ amahoro.
Refrain
Yesu, mp’ Amahoro, yayand’ ava ku Mana nyene, anyuzure mu mutim’ imyaka yose, naman’ Urukundo rw’ Imana.
Couplet 2
Amahoro nahawe na Yes’ Umwami, ndayazigamye ku mutima, naho hogir’ abanyag’ ayo mahoro, sinzopfa ndayahevye na mba.
Refrain
Yesu, mp’ Amahoro, yayand’ ava ku Mana nyene, anyuzure mu mutim’ imyaka yose, naman’ Urukundo rw’ Imana.
Couplet 3
None ndaruhutse neza ku mutima, kuko Yes’ Ariw’ Anzigama, Arandind’ ivyangora kandi vyantsinda, ku mutima har’ amahoro.
Refrain
Yesu, mp’ Amahoro, yayand’ ava ku Mana nyene, anyuzure mu mutim’ imyaka yose, naman’ Urukundo rw’ Imana.
Couplet 4
Umusi Yesu Yatujanye mw’ Ijuru, Tuzomubon’ Imana yacu, turirimb’ Indirimbo zo kumushima, tuzogir’ akanyamuneza.
Refrain
Yesu, mp’ Amahoro, yayand’ ava ku Mana nyene, anyuzure mu mutim’ imyaka yose, naman’ Urukundo rw’ Imana.
Couplet 5
Mbega none wewe wabuz’ amahoro, Ujany’ inzira ya Satani, n’uze, Yes’ Arakugirir’ ikigongwe, uc’uronk’ amahoro nawe.