Indirimbo Zikundwa Open in the app

#118

Kera naremetse Yes’ ibingoye

Ikirundi

Couplet 1

Kera naremetse Yes’ ibingoye, namukorey’ ivyaha vyantsinze, hamwe namubon’ ari ku giti, ./.mmenya yukw ari jew’ Abambiwe./. : ./.Numv’ Andemuruye ndanezerwa, ndashima./. : ./.Nta mutwaro ngira nduhuwe n’Umukiza./.

Couplet 2

Na none vyose ndabimuremeka, Amaririkany’ ibimbabaza, kandi kubgo kugir’ intege nke ./.ndamwishimikiza kw’ Akomeye./., ./.iy’Amwenyuye nshir’ amarira, ndashima./. : ./.Nta mutwaro ngira nduhuwe n’Umukiza./.

Couplet 3

Nzama ndabimuremeka na ntaryo: Iyo mmwizeye nta combabaza, Azoshits’ ivyo mmwishimiyeko, ./.kukw ari Yesu gus’ Anduhura./. ./.Turi kumwe mba ndi mw ijuru pe, ndashima./.: Nta mutwaro ngira nduhuwe n’Umukiza./.

Couplet 4

Ubiremeke Yesu naw’ urushe! Mushire vyose ntubicagure. Nah’ ari We Rurem’ Ahambaye ./.Arakugomba naw’ ugayitse./., ./.Yaguhay’ ikibanza mw’ Ijuru, tahayo./. : ./.Nta mutwar’ ugir’ Uruhuwe n’Umukiza./.