Indirimbo Zikundwa Open in the app

#105

Ubuntu bg’Imana butangaje ni bgo bgankuyeko imigozi

Ikirundi

Couplet 1

Ubuntu bg’Imana butangaje ni bgo bgankuyeko imigozi. Mbe vyavuye ku ki? Vyavuye ku kugomba kw’ Imana Yonyene Yambohoye.

Couplet 2

Imana yonyene: Yantoreye guhirwa mw’ Ijuru i Bukama. Mwese ni mumenye yuk’ Umukiza wacu Yam’ Asanganira abaz’i We.

Couplet 3

S’uko nari mwiza, haba na mba, n’Ubuntu bga Yesu Yangiriye. Niwe Yangokeye kuri wa Musaraba, hamwe n’ibisuma vy’ abambuzi.

Couplet 4

Kand’ iyo nibutse ivya Yesu, uko Yagiriwe bamubamba, binyibuts’ ivyaha, We nta kibi Yakoze, ni jewe Yazize: n’Umukiza!

Couplet 5

Ub’ ico nifuza n’ukuguma mu Mukiza wanje, mwihishemwo: Niwe nkinzo yacu yam’ idukingiriye imyampi wa Mubi aturasa.

Couplet 6

Urazirikanye Mwami Yesu: Ingeso wa Mubi yanyanduje, zigomba kuvyuka, zirandur’ uzihonnye, Name niganziwe n’ivya Yesu.

Couplet 7

None maso yanje, namwe matwi, nawe munwa wanje, mubiri we! Mwese, mushimishe Uwankuye mu ngoyi. Ibiremwa vyose: Tumushime.