#103
Kera nari mw’ ishayo y’ivyaha
Ikirundi
Couplet 1
Kera nari mw’ ishayo y’ivyaha, ngira ngo nd’uw’ Imana, hanyuma nsanga ndiko ndibesha.
Refrain
Imana yanje; Yarandokoye, ubu Niyo ndirimba; Kuko nnezerewe.
Couplet 2
Maz’ Iman’ Irandaba ndi mur’ ivyo bibi, Iti ngo mwana wanje, ngutabare ngukize.
Refrain
Imana yanje; Yarandokoye, ubu Niyo ndirimba; Kuko nnezerewe.
Couplet 3
Ituma Mpwemu Yera mu mutima wanje. Mbona ko nacumuye, nca ndihan’ Arankiza.
Refrain
Imana yanje; Yarandokoye, ubu Niyo ndirimba; Kuko nnezerewe.
Couplet 4
Ndagushima Mukiza, yuk’ umwana wawe Utandetse ngo nze mpfe nkiri mu vyaha vyanje.
Refrain
Imana yanje; Yarandokoye, ubu Niyo ndirimba; Kuko nnezerewe.
Couplet 5
Rek’ubu nkuj’ inyuma, nta wundi nkigomba, ubu ndakwihereje, Ungab’ Unyiganzire.
Refrain
Imana yanje; Yarandokoye, ubu Niyo ndirimba; Kuko nnezerewe.
Couplet 6
Nakoreye Satani, nta ciza yampaye, yohavuy’ amp’ Urupfu, we niyo nger’atanga.
Refrain
Imana yanje; Yarandokoye, ubu Niyo ndirimba; Kuko nnezerewe.
Couplet 7
Ariko weho Mwami, Ingabire yawe ndazi kw’ar’ Ubugingo buva mu rupfu rwawe.