Indirimbo Zikundwa Open in the app

#98

Ikinnezereza cane umve narakibonye

Ikirundi

Couplet 1

Ikinnezereza cane umve narakibonye, nahaw’ Agakiza keza, none ndanezerewe. Ivyaha vyanje vyogejwe n’Amaraso ya Yesu, kurira no kwihebura birarangiye rwose.

Couplet 2

Ikinnezereza cane n’uko nganzwa na Yesu, Murokozi, Murokozi, nemeye kub’ uwawe. Waneshej’ ivyaha, rwose, nanj’ Umpa kubinesha, Wandokorey’ umutima Ump’ Ubugingo bgawe.

Couplet 3

Kuk’ur’ umunyarukundo Wandondeye nzimiye, Wankuye mu vyaha vyanje, Unyit’ uwawe rwose. Non’ imisi yanje yose ni Wewe nizigira, ivyo nkora vyose nkwiye kwama mbigukorera.

Couplet 4

Ndakuririmbira Mwami, Namwe ndababarira ivyo Yesu Yankoreye, ko bintangaza cane. Yancunguj’ urupfu rwiwe, nuzuy’ umunezero, umutima wanje wose n’uw’ Uwawucunguye.