Indirimbo Zikundwa Open in the app

#71

Umukiza Yes’ Aratabara ni We nyen’ Ikigongwe

Ikirundi

Couplet 1

Umukiza Yes’ Aratabara ni We nyen’ Ikigongwe, Aratubabaye twebg’ abagowe, Ni w’ adutsindira wa Mwansi.

Couplet 2

Abanyavyaha ni baze bose, Krist’ arabarondera, Umutabazi wacu ni we Yesu, Bakizwe n’ amaraso yiwe.

Couplet 3

Rwa rukundo rw’ Imana mw’ijuru Rurasumb’ isi rwose, Imana yacu ni nyen’ imbabazi. Ni yo nyen’ ubuhirwe bgose.

Couplet 4

None bikwiye ko tumwizera, Ni twakir’ ikigongwe, Ng’ umuco w’Imana wake muri twe, Tugendere mu nzira yiwe.