Indirimbo Zikundwa Open in the app

#68

Mu bari mw’ isi nta wugororoka

Ikirundi

Couplet 1

Mu bari mw’ isi nta wugororoka, kandi nta wuri no mw’Ijuru, atar’ abizera ko bogejwe de n’Amaraso ya Yesu gusa.

Refrain

Wogejwe na Yesu? Watunganijwe n’Amaraso? Har’ aho Yakwuhagij’ Amaraso? Mbeg’ imyambaro yaw’ irera?

Couplet 2

Amaraso ya Yesu yogej’ artyo abanduy’ imitima yabo: Ntimukererw’ ariko munyaruke mwisuke mu Maraso yiwe.

Refrain

Wogejwe na Yesu? Watunganijwe n’Amaraso? Har’ aho Yakwuhagij’ Amaraso? Mbeg’ imyambaro yaw’ irera?

Couplet 3

Umukiza ni Yaz’ Agarukanye Ubgiza no Kwubahwa rwose, abataribgezwe bazinjir’i We mu birori vy’Ubukwe bate?

Refrain

Wogejwe na Yesu? Watunganijwe n’Amaraso? Har’ aho Yakwuhagij’ Amaraso? Mbeg’ imyambaro yaw’ irera?

Couplet 4

Ntibazohagarar’ imbere yiwe, Bazohinduk’ ubgoba gusa, wiyambure rer’ impuzu zanduye, ubone kwambar’ iy’Ubukwe.

Refrain

Wogejwe na Yesu? Watunganijwe n’Amaraso? Har’ aho Yakwuhagij’ Amaraso? Mbeg’ imyambaro yaw’ irera?