#60
Wa mutim’ urira, uze kwa Yesu
Ikirundi
Couplet 1
Wa mutim’ urira, uze kwa Yesu; Amarushwa yawe uyamubgire. Mubgire buhoro ibikuriza, Ntac’ ugir’ ubgoba, woye kurira.
Couplet 2
Bgira vyose Yesu, kw’ar’ Umukunzi, ibikubabaza ngw akuremeshe, Akund’ imitima y’ abababaye. wizer’ Umukiza, woye kurira.
Couplet 3
Abaremerewe n’ivyaha vyabo, babgire kw’ Imana Ibaruhura, ubereke Yesu, ni We Mukiza, Ashobora vyose, boye kurira.