#56
Yes’Arakurorereye, Aragukunda
Ikirundi
Couplet 1
Yes’Arakurorereye, Aragukunda; Araguhamagar’ ati Ngwino hano.
Couplet 2
Umvir’ amagambo meza Akubgir’ ati Nabambiwe kugira ngo Ngucungure.
Couplet 3
Imbabazi zanje nziza Uzankir’ iki? Ntiwonyizer’ ukakira Agakiza?
Couplet 4
Mbe ntumaz’ imyaka myinshi Uri mu vyaha, Ujakariye Satani: Nturambiwe?
Couplet 5
None reka nkubohore, Naw’ unyizere, Uz’ aho nd’ unezerewe Ub’ uwanje.
Couplet 6
Yesu yamy’ akubgir’ ayo Majambo meza, Umve yongera kwinginga, Womwank’ ute?
Couplet 7
Ntutebe, kukw ijwi ryiwe Ryoca rihora; Ubu n’ igihe cemerwa, Emer’ ubu.
Couplet 8
Mwami Yesu, singitevye, Ehe nditavye: Kub’ umugurano wawe Ni co nkunze.