Indirimbo Zikundwa Open in the app

#56

Yes’Arakurorereye, Aragukunda

Ikirundi

Couplet 1

Yes’Arakurorereye, Aragukunda; Araguhamagar’ ati Ngwino hano.

Couplet 2

Umvir’ amagambo meza Akubgir’ ati Nabambiwe kugira ngo Ngucungure.

Couplet 3

Imbabazi zanje nziza Uzankir’ iki? Ntiwonyizer’ ukakira Agakiza?

Couplet 4

Mbe ntumaz’ imyaka myinshi Uri mu vyaha, Ujakariye Satani: Nturambiwe?

Couplet 5

None reka nkubohore, Naw’ unyizere, Uz’ aho nd’ unezerewe Ub’ uwanje.

Couplet 6

Yesu yamy’ akubgir’ ayo Majambo meza, Umve yongera kwinginga, Womwank’ ute?

Couplet 7

Ntutebe, kukw ijwi ryiwe Ryoca rihora; Ubu n’ igihe cemerwa, Emer’ ubu.

Couplet 8

Mwami Yesu, singitevye, Ehe nditavye: Kub’ umugurano wawe Ni co nkunze.