Indirimbo Zikundwa Open in the app

#49

Ugusenga kuramfash’ ibihe vyose

Ikirundi

Couplet 1

Ugusenga, Ugusenga kuramfash’ ibihe vyose, kunshikana kuri Data, Akankiza mu bingoye. Kandi Satan’ iy’ anteye akansuk’ uburyo bgose, ibihetangabo kenshi, Ugusenga kuramfasha.

Couplet 2

Wa Gusenga, wa Gusenga, Amababa yaw’ ajana ivyo nsaba kuri Data, Yiteze kump’ Umugisha. Kw’ ari We nzigak’ Ubuntu, sinzoreka kumusenga, nzomukorer’ amaganya: Ntazokwanka kunduhura.

Couplet 3

Kand’ igihe kizoshika mbon’ ibiri kure vyose, vy’ Igihugu citereye hariy’ Iwacu mw’ Ijuru. Ni ho nzoca nterurirwa, njanwe n’Abamarayika, ndirimban’ Umunezero: Nt’ Ugusenga ni gukuru.