Indirimbo Zikundwa Open in the app

#47

Nzama nganyira Yes’ ibingoye

Ikirundi

Couplet 1

Nzama nganyira Yes’ ibingoye, sinzovyihererana nd’ umwe, Mmutakambiye yoc’ Antabara kukw’ Ankunda, nd’ umwana wiwe.

Refrain

Nzama nganyira Yes’ ibingoye, sinzovyihererana nd’ umwe, nzama nganyira Yes’ ibingoye, simfis’ uwundi Mutabazi.

Couplet 2

Nzama nganyira Yes’ ibindusha, ni we Mugenz’ Arut’ abandi, mbimwiganiye yoc’ Abinkiza, Azondemesha mu mutima.

Refrain

Nzama nganyira Yes’ ibingoye, sinzovyihererana nd’ umwe, nzama nganyira Yes’ ibingoye, simfis’ uwundi Mutabazi.

Couplet 3

Ndi n’ibindwanya bingerageza, Ariko mfise n’Umukiza, ivyahora bimbabaza kera, vyose nabiremetse Yesu.

Refrain

Nzama nganyira Yes’ ibingoye, sinzovyihererana nd’ umwe, nzama nganyira Yes’ ibingoye, simfis’ uwundi Mutabazi.

Couplet 4

Is’irageza kunyosha nabi, Satan’ akaz’ agir’ ansuke, ariko ntakambiy’ Umukiza, Ampa kunesha nkabitsinda.