#15
Dushimish’ Imana
Ikirundi
Couplet 1
Dushimish’ Imana imitima n’amajwi, Abo mw isi bose Bayitazire cane, Yam’ iduh’ ivyiza Guhera mu bgana, Kand’ uko yahoze, Na none ni kw’ iri.
Couplet 2
Imana y’ubuntu Yam’ iba hafi yacu, Iduh’ akaneza n’ amahor’ adashira. Idukiz’ ivyago, Itwerek’ inzira, Iturind’ ivyaha, Gushitsa ku gupfa.
Couplet 3
Muremyi wa twese, Dushim’ izina ryawe N’ iry’ Umwana wawe Watanz’ akadupfira, Dushime na Mpwemu, Ni mwebge Butatu, Burimw’ Iman’ imwe: Turaguhimbaza.