#4
Dushime can’ Izina ryawe Yesu
Ikirundi
Couplet 1
Dushime can’ Izina ryawe Yesu Mukiza wacu: Turakwimitse ng’ utuganze, Mukama wacu Yesu, Rugira vyose.
Couplet 2
Yemwe mwishwe bamubahora, Munezerwe mw’Ijuru: Muhimbaz’ uwabapfiriye: Ni we Mukama wacu Rugira vyose.
Couplet 3
Mwa bana ba Adamu mwese, Bacunguwe na Yesu, Muhimbaze mwene Dawidi, Umwami wacu Yesu Rugira vyose.
Couplet 4
Abakuwekw ivyaha mwese, Mukaronk’ ubgo buntu Enda tumwunamire twese, Ni we Mukama wacu Rugira vyose.
Couplet 5
Namwe banyamahanga mwese, Imik’ uwo Mukiza, Ni we Mucunguzi w’abantu, Umwami wacu Yesu Rugira vyose.
Couplet 6
Twifuza cane kuzoshika Mw’ijur’ aho Yes’ ari, Ngo tumushim’ ibihe vyose, Ni we Mukama wacu Rugira vyose.