Indirimbo Zikundwa Open in the app

#398

Kwa Data mw’Ijuru nta wubabara

Gushimisha

Couplet 1

Kwa Data mw’Ijuru, nta wubabara, nta wubabara, nta wubabara. Kwa Data mw’Ijuru, nta wubabara: Baranezerwa!

Couplet 2

Kwa Data mw’Ijuru, nta wiganyira, nta wiganyira, nta wiganyira. Kwa Data mw’Ijuru, nta wiganyira: Ho n’Amahoro!

Couplet 3

Kwa Data mw’Ijuru, nta wucumura, nta wucumura, nta wucumura. Kwa Data mw’Ijuru, nta wucumura: Bera dedede!

Couplet 4

Kwa Data mw’Ijuru, nta nyot’ibayo, nta nyot’ibayo, nta nyot’ibayo. Kwa Data mw’Ijuru, nta nyot’ibayo: Hariy’isoko!

Couplet 5

Kwa Data mw’Ijuru, nta nzar’ibayo, nta nzar’ibayo, nta nzar’ibayo. Kwa Data mw’Ijuru, nta nzar’ibayo: Barahagijwe!

Couplet 6

Kwa Data mw’Ijuru, nta ndwar’ibayo, nta ndwar’ibayo, nta ndwar’ibayo. Kwa Data mw’Ijuru, nta ndwar’ibayo: Nibazima pe!

Couplet 7

Kwa Data mw’Ijuru, nta rukumbuzi, nta rukumbuzi, nta rukumbuzi. Kwa Data mw’Ijuru, nta rukumbuzi; Haba n’irungu!

Couplet 8

Kwa Data mw’Ijuru, nta n’abagipfa, nta n’abagipfa, nta n’abagipfa. Kwa Data mw’Ijuru, nta n’abagipfa: Babahw’Iteka!

Couplet 9

Kwa Data mw’Ijuru, ni hw’i Wanyu se? Ni hw’i Wanyu se? Ni hw’i Wanyu se? Kwa Data mw’Ijuru, ni hw’i Wanyu se? Uzatahayo?

Couplet 10

Kwa Data mw’Ijuru, nanjye ndajyayo! Nanjye ndajyayo! Nanjye ndajyayo! Nanjye ndajyayo! Bamp’ Ikibanza.

Couplet 11

Kwa Data mw’Ijuru, nzasanga Yesu, nzasanga Yesu, nzasanga Yesu. Kwa Data mw’Ijuru, nzasanga Yesu: Nuko nzanyurwa!